Musigati : Abantu babiri bishwe barashwe n’abaporisi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 15 Kigarama 2017 saa 09:42
21525
0 0

Musitanteri wa Komine Musigati asaba abanyagihugu arongoye ko boza baritura abajejwe umutekano iyo biketse abagizi ba nabi. Aho ni mu gihe abantu babiri bapfuye barashwe n’abaporisi kuri uwu wa kane ku mutumba Mpishi, komine Musigati, intara ya Bubanza.

Inyuma y’amasasu yumvikanye kuri uwo mutumba, abandi bantu batatu barahagaritswe, Musitanteri wa Komine Musigati akemeza ko abo bafashwe bari kumwe n’abo barasanye n’abaporisi mw’isakwa ryabaye kuri uwo mutumba wa Mpishi.

Mu giporisi bavuga ko muri iryo sakwa abajejwe umutekano bariko barondera inkoho yibwe umuporisi yagandaguwe n’abantu bamusanze kuri Posita ibika amafaranga ya Musigati, mu kwezi kwa gatandatu.

Jean Bosco NDUWIMANA, Musitateri wa Komine Musigati avuga ko abo bishwe n’abaporisi aribo batanguye kurasa abajejwe umutekano.

Uwo arongoye komine Musigati asaba abanyagihugu kwama batanga amakuru ku bajejwe umutekano, igihe cose biketse abagizi ba nabi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha