Musitanteri wa komine Kirundo yahitanwe n’isanganya ry’imodoka

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 9 Gitugutu 2017 saa 08:14
Yasomwe : 36414
0 0

MISAGO Stany, Musitanteri wa komine Kirundo yitavye Imana mw’isanganya ry’imodoka yabaye ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota 45 kw’ibarabara rya Bugarama, ku birometero 2 uvuye mu Kayanza.

Muri iyo mpanuka y’imodoka yahitanye Musitanteri wa komine Kirundo, n’uwundi muntu azwi kw’izina rya NTEZIMANA Agnes, yari muri iyo modoka yaritavye Imana, hamwe n’abandi batanu bakomeretse.

Iyindi mpanuka y’imodoka yabaye ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana nyene, kw’ibarabara rya Bugarama, hafi ya Muramvya. Iyo modoka yindi yagize isanganya yarimwo Pierre Channel NTARABAGANYI yigeze kuba umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, ariko akaba ataco yabaye. Umushoferi yariko atwara iyo modoka, APC Havyarimana Jean Claude akaba ariwe yitavye Imana.

JPEG - 36.2 ko
MISAGO Stany, Musitanteri wa komine Kirundo yitavye Imana mw’isanganya ry’imodoka

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha