Mutaho : Abantu babiri barapfuye bakubiswe n’inkuba

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 13 novembre 2017 saa 10:46
Yasomwe : 4149
0 0

Abantu babiri nibo bapfuye bakubiswe n’inkuba , mu mvura nyinshi yaguye inyuma y’umutaga wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 11 Munyonyo 2017.

Amakuru ava i Mutaho, amenyesha ko abo bapfuye ari umukenyezi n’umwana wiwe w’imyaka 14, bari basanzwe baba ku mutumba Muyange, Komine Mutaho, intara ya Gitega.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abo bantu babiri bapfuye ubwo nyene,inkuba igiheza kubakubita.

Aho nyene i Mutaho,uwundi munyezamu yarapfuye acumiswe n’abasuma kuwa gatanu igenekerezo rya 10 Munyonyo 2017, imbere y’uko abo basuma biba ivyari mu nzu y’ubudandarizo yari acungereye.

Mu bajejwe intwaro muri komine Mutaho, bakamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha