Mutanga : Ibirwanisho birimwo inkoho zitatu vyafashwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 28 Ntwarante 2018 saa 11:25
44595
0 0

Inkoho zitatu, ibikono vy’amasasu indwi birimwo amasasu 801, amagerenade abiri, hamwe n’ibindi bikoresho vy’abajejwe umutekano, nivyo vyafashwe n’igiporisi mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, ku rugo ruri muri karitiye ya Mutanga Nord, mu gisagara ca Bujumbura.

Abanyagihugu begereye ahafashwe ivyo birwanisho bamenyesha ko iyo nzu yasatswe yonyene, biboneka ko igiporisi coba cari cahawe amakuru y’ivyo birwanisho. Abo banyagihugu bavuga ko ivyo birwanisho vyatowe mu cumba cari cugaye.

Iyo nzu yatowemwo ivyo birwanisho iri kw’ibarabara Nyarugongo nomero 62, mu giporisi c’Uburundi bakaba bamenyesha ko uwitwa NDAYISENGA Tereza hamwe n’abandi bantu batatu bari muri iyo nzu batawe muri yompi ku mvo z’amatohoza.


Kumenyekanisha

1
Niyongere Orivye. 9-04-2018 à 19:30

Jew icondovuga nuko
mwofata abobantu muk
a batohoza mukumva ico bavuga jew nicociyu
mvirocanj .T. ok

2
niyonkuru èddy cloude 28-03-2018 à 20:48

Andika hano

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha