Mutimbuzi-Buterere : Inzu 21 zabomowe n’imvura

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 20 janvier 2018 saa 12:41
9270
0 0

Inzu 16 nizo zabomowe n’imvura yaguye mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 19 Nzero 2018, buca ari kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Nzero 2018, muri zone Rukaramu, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura-Rural.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE amenyesha ko inzu indwi zabomotse ku mutumba Kinyinya1, izindi nzu 7 zibomoka ku mutumba wa Kinyinya3, mu gihe inzu zibiri zabomotse ku mutumba Kinyinya2.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko muri iyo mvura nyene igiti c’amatara cahenutse, muri quartier ya Kajaga.

Iyo mvura nyene yaguye mw’ijoro yarabomoye inzu 5 muri quartier ya Buterere 2B, mu gihe aho nyene igiti c’amatara cahenutse, muri Quartier Buterere ya mbere naho ibiti 5 vy’amatara nivyo vyahenutse.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko, ivyo vyose bavyiboneye bamaze gushika aho vyabereye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha