Muyinga: Abantu batatu barapfunzwe bagirizwa urupfu rw’uwapfiriye ku mupfumu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 27 Nyakanga 2017 saa 02:26
Yasomwe : 8181
0 0

Abantu batatu barapfunzwe bagirizwa urupfu rw’umuntu yapfiriye ku mupfumu, igihe yari yagiye kwivuriza aho uwo mupfumu asanzwe aba, muri quartier Swahili, intara na komine ya Muyinga.

Abo bapfunzwe ni umupfumu umwe n’abagabo babiri bose bahagaritswe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 26 Nyakanga 2017, bakaba bapfungiwe mu gasho k’igiporisi i Muyinga.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga bamenyesha ko uwo yapfuye yari yarungitswe kwivuriza mu bitaro bikuru vy’i Kiremba, mu ntara ya Ngozi, ariko abo mu muryango wiwe baca bamujana ku mupfumu ari naho yapfiriye.

Mu giporisi i Muyinga bavuga ko amatohoza yamaze gutangura kuri abo bantu batatu bamaze guhagarikwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha