IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga : Umukuru w’umutumba Gasura yitavye Imana acumiswe imbugita

Muyinga : Umukuru w’umutumba Gasura yitavye Imana acumiswe imbugita

samedi 10 février 2018

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2018, umugabo azwi kw’izina rya NAYOYA w’imyaka 35 yakubise umugore wiwe nya mugore acahungira k’umukuru w’umutumba.

Ayo mkuru nyene, amenyesha ko NAYOYA yaciye asanga umugore wiwe aho yahungiye k’umukuru w’umutumba, ari naho yaciye acumita umukuru w’umutumba, akoresheje imbugita.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano menyesha ko,abari hafi bamaze kubona NAYOYA acumise umukuru w’umutumba, baciye bahindukirira NAYOYA nawe baramukubita.

Yaba umukuru w’umutumba Gasura canke NAYOYA bose baciye bajanwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Muyinga, ari naho uwo mukuru w ‘umutumba yahavuye yitabira Imana, ariko NAYOYA akaba acunzwe n’abaporisi kugira ntahave ahunga.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.