Muyinga : Umushingamateka NDIMURWANKO Anne Marie n’abandi batatu bitavye Imana

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 14 Gitugutu 2017 saa 10:49
Yasomwe : 81153
0 0

Anne Marie NDIMURWANKO yigeze kuba umushingamateka yatowe mu ntara ya Muyinga, hamwe n’abandi bantu batatu nibo bitavye Imana ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo ine n’itanu.

Uwo mushingamateka n’abo bandi baguye mw’isanganya ry’imodoka, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.

Petero NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko uwo mushingamateka yatowe i Muyinga kuva mu 2010 gushika mu 2015 yitavye Imana bitewe n’imodoka yarimwo yatakaje ibituma ihagarara (Freinage).

JPEG - 24.1 ko
Ibarabara Muyinga - Cankuzo

Iyo modoka yahitanye abandi batatu bagizwe n’umugore n’umwana bariko basunika ikinga mw’ibarabara iyo modoka yariko icamwo i Muyinga.

Umuntu agira kane yaguye muri iryo sanganya ni uwariko atwara iyo modoka yarimwo umushingamateka Anne Marie NDIMURWANKO.

Mu giporisi bavuga ko iyo modoka yagize isanganya ari iyo uwo mushingamateka Anne Marie NDIMURWANKO yitavye Imana yari yakotesheje agiye mu rubanza rw’uwaronse urupapuro rw’umutsindo.

Abandi bantu indwi nabo bakomeretse muri iryo sanganya.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha