Accueil > Amakuru > umutekano > Mwaro : Abagabo babiri bishwe n’amahiri bakubiswe n’abanyagihugu
Mwaro : Abagabo babiri bishwe n’amahiri bakubiswe n’abanyagihugu
jeudi 13 Mukakaro 2017, par
Abo bagabo uko ari babiri bahitanwe n’amahiri bakubiswe n’abanyagihugu babafashe, igiporisi kiba cagiye kuhashika bamaze kwitaba Imana, nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Petero NKURIKIYE. Bompi ntibashoboye kumenyekana muri iyo micugararo, mu giporisi bakavuga ko amatohoza yatanguye.
Abajejwe intwaro mu ntara ya Mwaro basaba abanyagihugu kuvavanura n’ingeso y’ukwihanira, bashikirize abajejwe umutekano abo baba bafashe bagirizwa ubusuma canke ibindi vyaha.
Mu ntara ya Ruyigi naho havugwa umugabo azwi kw’izina rya Bizimana Mathias asanzwe ari umudandaza w’inka, akaba yategerewe n’umurwi w’abasuma, bamwiba amafaranga yari afise agera ku bihumbi amajana atatu.
Uwo mudandaza w’inka yari avuye kw’isoko y’aho bita mu Rugaragara, akaba yarakubiswe kandi imbere y’uko bamwiba. Ariko avurirwa kw’ivuriro ry’aho mu Ruyigi.
Egide NDUWIMANA