Mwaro-Ndava :Abanyeshuri bashika 10 bakubiswe n’inkuba

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 10 Gitugutu 2017 saa 08:49
Yasomwe : 11250
0 0

Abanyeshuri bashika kuri 10 nibo bakubiswe n’inkuba ku muhingamo wo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 9 Gitugutu 2017, kw’ishuri ryisumbuye rya komine ryo ku mutumba Mpanuka, komine Ndava, intara ya Mwaro.

Amakuru ava aho i Mwaro amenyesha ko abo banyeshuri bakubiswe n’inkuba baciye bajanwa mu bitaro vyo mu Kibimba, biri muri komine Giheta, intara ya Gitega.

Ayo makuru nyene yemeza ko bamwe muri abo banyeshuri bababaye cane, bikaba bikenewe ko bungururizwa mu bindi bitaro.

Mwomenya ko kw’igenekerezo rya 12 Nyakanga 2017 haheze iminsi mikeya gusa umwaka w’ishuri wa 2017 -2018 utanguye, kuri iryo shuri ryisumbuye abanyeshuri batandatu bakomeretse bahitanywe n’amabati igihe ishuri ryaguruka kubera imvura ivanze n’umuyaga yaguye kuri uwo munsi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha