IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mwaro:Patiri wa paruwase Mbogora yarashwe n’umuntu ataramenyekana

Mwaro:Patiri wa paruwase Mbogora yarashwe n’umuntu ataramenyekana

lundi 21 mai 2018

Amakuru ava mu bihebeye Imana aho mu Mbogora, amenyesha ko uwarashe Patiri
Ildephonse SABOKWIGURA yaciye mu muryango w’inyuma yinjira afise inkoho agomba kwica patiri mukuru, patiri abibonye bararwanira inkoho mugabo amurasa kukuguru no mu mugongo.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko abaporisi bamaze kwumva urwamo rw’amasase baciye banyaruka gutaba, ariko ntibashobora gufata uwo mugizi wa nabi, umwe mubaporisi akaba ariwe yajanye patiri kwa muganga, mu bitaro vyo mu Kibumbu, akoresheje imodoka ya paruwase.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko uwo mupatiri yahavuye amanukanwa mu bitaro i Bujumbura kandi ubu amerewe neza.

Pierre NKURIKIYE avuga ko abantu babiri bikekwa bamaze gufagarikwa, kandi n’amatohoza ageze ku rugero rushimishije.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.