Accueil > Amakuru > umutekano > Mwaro-Rusaka: Abantu babiri bakomerekejwe na gerenade
Mwaro-Rusaka: Abantu babiri bakomerekejwe na gerenade
lundi 21 Myandagaro 2017
Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko iyo gerenade yatewe mw’ijoro ryo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 20 Myandagaro 2017, nk’igihe c’isaha zibiri n’igice, ikomeretsa ku kuboko umunyezamu BERAHINO Aloys w’imyaka 62 na NININAHAZWE Patience w’imyaka 34 yakomeretse ku mugongo.
Ayo makuru nyene amenyesha ko abakomeretse baciye bajanwa mw’ivuriro ryo ngaho mu rusaka kugira bavurwe, mu nyuma baca barataha mu mihana yabo.
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko baciye bihuta kuja gutabara, amatohoza akaba yamaze gutangura kugira bamenye uwateye iyo gerenade.
Bitegekanijwe ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 21 Myandagaro haca hakorana inama y’umutekano ihuza abajejwe umutekano n’abajejwe intwaro, kugira bahamagarire abanyagihugu gukomeza amakomite y’umutekano ahurikiwemwo na bose.
MUGISHA Van Naris
Messages
22 Myandagaro 2017, 11:17, par Athanase
ababuze Ndabasavye Kwihangana