IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mwaro-Rusaka: Abantu babiri bakomerekejwe na gerenade

Mwaro-Rusaka: Abantu babiri bakomerekejwe na gerenade

lundi 21 Myandagaro 2017

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko iyo gerenade yatewe mw’ijoro ryo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 20 Myandagaro 2017, nk’igihe c’isaha zibiri n’igice, ikomeretsa ku kuboko umunyezamu BERAHINO Aloys w’imyaka 62 na NININAHAZWE Patience w’imyaka 34 yakomeretse ku mugongo.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abakomeretse baciye bajanwa mw’ivuriro ryo ngaho mu rusaka kugira bavurwe, mu nyuma baca barataha mu mihana yabo.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko baciye bihuta kuja gutabara, amatohoza akaba yamaze gutangura kugira bamenye uwateye iyo gerenade.

Bitegekanijwe ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 21 Myandagaro haca hakorana inama y’umutekano ihuza abajejwe umutekano n’abajejwe intwaro, kugira bahamagarire abanyagihugu gukomeza amakomite y’umutekano ahurikiwemwo na bose.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.