Accueil > Amakuru > umutekano > Mwaro: Umugabo yishe nyina wiwe n’uwo bavukana
Mwaro: Umugabo yishe nyina wiwe n’uwo bavukana
mercredi 28 Ruheshi 2017
Amakuru ava mu gipolisi c’Uburundi amenyesha ko NDIMURWANKO Gervais w’imyaka 41,umuhungu wa nyene kwica akaba na mwene wabo na Mertus yabishe nk’igihe c’isaha icumi na zibiri z’umugoroba akoresheje umuhini w’isuka.
Ayo makuru ava mu gipolisi amenyesha kandi ko NDIMURWANKO Gervais yishe nyina na mwenewabo abagiriza ko bamurogeye umugore wiwe yitavye Imana kw’igenekerezo rya 2 Nzero 2017.
Mu gipolisi bameneyesha ko abajejwe umutekan baciye bahashika kare, nyene gukora ibara atarahunga,ubu akaba ari mu minwe y’igipolisi,aho bitegekanijwe ko ashikiriza parike kuri un wa gatatu igenekerezo rya 28 Ruheshi 2017 kugira aciribwe urubanza rw’ikibiriraho.
MUGISHA Van Naris