IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mwaro: Umugabo yishe nyina wiwe n’uwo bavukana

Mwaro: Umugabo yishe nyina wiwe n’uwo bavukana

mercredi 28 Ruheshi 2017

Amakuru ava mu gipolisi c’Uburundi amenyesha ko NDIMURWANKO Gervais w’imyaka 41,umuhungu wa nyene kwica akaba na mwene wabo na Mertus yabishe nk’igihe c’isaha icumi na zibiri z’umugoroba akoresheje umuhini w’isuka.

Ayo makuru ava mu gipolisi amenyesha kandi ko NDIMURWANKO Gervais yishe nyina na mwenewabo abagiriza ko bamurogeye umugore wiwe yitavye Imana kw’igenekerezo rya 2 Nzero 2017.

Mu gipolisi bameneyesha ko abajejwe umutekan baciye bahashika kare, nyene gukora ibara atarahunga,ubu akaba ari mu minwe y’igipolisi,aho bitegekanijwe ko ashikiriza parike kuri un wa gatatu igenekerezo rya 28 Ruheshi 2017 kugira aciribwe urubanza rw’ikibiriraho.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.