IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mwaro: Umukukuruke mw’Ibanki BCB yishwe atewe Grenade

Mwaro: Umukukuruke mw’Ibanki BCB yishwe atewe Grenade

dimanche 29 Nzero 2017

Umugabo azwi kw’izina rya Bonaventure NTAKABANYURA,umukukuruke mw’Ibanki BCB yaritavye Imana atewe Grenade ku rug rwiwe,ku muszi wa Gihinga,mu ntara ya Mwaro.

Amakuru ava mu ntara ya Mwaro amenyesha ko abagizi ba nabi binjiye mu nzu ya Bonaventure NTAKABANYURA nk’igihe c’isaha indwi n’igice z’ijoro ku munsi wa gatanu buca ari kuwa gatandatu iogenekerezo rya 28 Nzero 2018.

Ayo makuru nyene amenyesha ko baciye bamutera Grenade ariko ntiyatera yitaba Iman abaca bamuhohsha bakoresheje ubuhiri.

Atari telefone ngendanwa zibiri,abo bagizi ba nabi nta kindi bivye mu nzu ya Bonaventure NTAKABANYURA,imbere yuko bahunga bahejeje kugandagura umuhisi.

Mu gipolisi mu ntara ya Mwaro bamenyesha ko abantu batatu bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.