Accueil > Amakuru > umutekano > NKURIKIYE:’’Igikorwa co gusaka ahatamenyerewe,ni igikorwa gisanzwe (...)
NKURIKIYE:’’Igikorwa co gusaka ahatamenyerewe,ni igikorwa gisanzwe c’igipolisi’’
mercredi 21 Ruheshi 2017
Mu gihe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruheshi 2017 igipolisi cazindutse mu bikorwa vyo gusaka muri quartier INSS iri mu gisagara ca Bujumbura, umuvugizi w’igipolisi Pierre NKURIKIYE avuga ko ari igikorwa gisanzwe ariko kubera cakozwe mu ma quartier abamwo abategetsi gica kivugisha abantu.
Pierre NKURIKIYE avugira igipolisi c’Uburundi, amenyesha ko ata nkuru y’ubugizi bwa nabi bafise yatumye batunganya ibikorwa vyo gusaka muri ivyo bice bitari bimenyerewe kuberamwo ico gikorwa.
Pierre NKURIKIYE amenyesha ko mu bikorwa vyo gusaka muri ayo ma quartier vyabonetse ko ababa muri ayo ma quartier ata makaye y’imiryango bafise, ariko ko abajejwe intwaro batanguye igikorwa co kubahimiriza kugira bayarondere.

Mwomenya ko mu masaha y’igitondo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruheshi ata muntu yari arekuriwe kwinjira canke ngo asohoke ava muri quartier INSS .
MUGISHA Van Naris