Ni igiki catumye Natacha ateba gutanga agashimwe k’umukinyi mwiza w’Intamba mu Rugamba ?

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 7 novembre 2017 saa 10:22
24765
0 0

Agashimwe Natacha yemereye umukinyi wa mbere azokwigenza neza mu rukino rwahuje umurwi nserukiragihugu w’abigeme mu mupira w’amaguru Intamba mu Rugamba n’uwa Afrika y’Epfo ntaragatanga. Eka na video y’ururirimbo yakoranye na Sheebah ntirasohoka.

Natacha yaheruka gutangaza ko azotanga agashimwe k’umwigeme azokwigenza neza mu rukino rwabahuje n’umurwi Banyana Banyana w’abigeme bo muri Africa y’epfo badashikana imyaka mirongo ibiri.

Amakuru atangwa na Raphael atanga amakuru kwa Natacha avuga ko kuba agashimwe kataratangwa bidasigura ko Natacha yabeshe mu vyo yavuze. Rapha asigura ko imbere ya vyose Natacha atashoboye gushika ku kibuga ahariko habera urukino ku mvo y’uko yaragwaye. Uwo muvugizi abandanya avuga ko Natacha azotanga agashimwe inyuma yo gutohoza uwo mukinyi yitwaye neza uwari we.

Muri urwo rukino rwabaye ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya kane Munyonyo, Intamba zatsinze ibitsindo 2 ku busa(2-0) bwa Banyana Banyana. Ivyo bitsindo vyinjijwe n’abigeme Aniella Uwimana na Falonne Nahimana.

Rapha avuga ko Natacha ashobora gutanga ako gashimwe kuri abo bigeme babiri. Ivyo vyose bishobora kuba ku munsi wa gatatu igenekerezo rya munani Munyonyo.

Tubibutse ko Natacha ashaka gutanga ako gashimwe mu ntumbero yo gutera intebe ab’igeme b’Abarundikazi kugira bagire ishaka mu vyo bakora.

Ku bijanye na Video y’ururirimbo "Wangu" Natacha yakoranye na Sheebah, Rapha amenyesha ko ishobora gusohora mu mpera z’ino ndwi nk’uko umuhinyanyuzi abizeza. Naho biruko, Rapha avuga ko bazobanza kuyiga barabe ko ikwije ivyo basaba imbere y’uko ishigwa k’umugaragaro


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha