IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngagara: Ikiziga c’umugabo catowe hafi y’urusengero rwitiriwe Yozefu (...)

Ngagara: Ikiziga c’umugabo catowe hafi y’urusengero rwitiriwe Yozefu Mweranda

lundi 20 Ntwarante 2017

Ikiziga c’umugabo azwi kw’izina rya Charles NDIHOKUBWAYO catowe mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 20 Ntwarante,umwaka wa 2017, muri zone ya Ngagara, Quartier ya 3 ,hafi y’urusengero rwa Katorika rwitiriwe Yozefu Mweranda.

Amakuru ava muri bamwe basanzwe baba aho muri zone ya Ngagara amenyesha ko Charles NDIHOKUBWAYO yari asanzwe ari kw’ipete rya Colonel mu gipolisi c’Uburundi.

Gushika ubu ntawuramenya icatumye OPC1 Charles NDIHOKUBWAYO yicwa ,n’abamwishe ntibaramenyekana.

Mu gipolisi bamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira bamenye uwoba yakoze ubwo bwicanyi.


IGIHE

Messages

  • Imana Imwakire!Ukuri Kuzoja Ahabona.

  • birababaje imani mwakire mubwamibwijuru ubutungane bukore icobujejwe bugaragaze abagizibanabi

  • NIBARUTSA AMATOHOZA,NAYAHANDI.BIRAGOYE.

  • Igipolici kigir’amatohoza mubuhinga bwabo.Ico twanka n’imvugo z’urusaku bivanye n’umwikeko.Dushak’inkuru y’imvaho.

  • Imana Imwakire.Arikoamatohoza acndanye.

  • OPC1 Ndihokubwayo Claver ex Fab Tutsi natif de Rutana résidant àngagara tué la nuit dernière avait reçu le téléphone du Général Bunyoni natif de Rutana lui aussi.
    Selon les sources policières Bunyoni lui proposait de choisir un groupe de policiers Tutsi qui seront envoyer comme des espions au Rwanda.
    Les policiers devraient partir comme déserteurs mais sur mission de Bunyoni.

    Très calme, Charles a rejeté la proposition et voilàil vient d’être éliminé.
    Peut être qu’on nous dira que c’est un conflit foncier ou suicide comme Nyongera mais la mort de
    OPC1 Charles est l’oeuvre du Ministre de l’insécurité General Bunyoni.
    Pour Rappel 5 autres policiers Tutsi ex Fab sont menacés et risquent le même sort.

    Nimudutabarize twe ntaco tukivuga ndakubwira ngarutse ngiye mubiro kwa Gen.Bizimana Godefroid🙈 nimwabona ntagarutse muzondabire abana. Ni birebire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.