Incamake

Ngozi : Abantu batanu bitavye Imana mw’isanganya ry’imodoka

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 26 avril 2018 saa 10:52
38520
0 0

Abantu batanu bitavye Imana, abandi batanu nyene barakomereka, amazu nayo y’ubudandaji agera kuri 11 arasambuka, mw’isanganya ry’imodoka y’ishirahamwe mpuzamakungu PAM, mu gatondo ko kuri uwu wa kane, igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2018, muri komine Gashikanwa y’intara ya Ngozi.

Amakuru ava ku mutumba Rwizingwe ahabereye iryo sanganya, amenyesha ko iyo modoka ya PAM yataye ibarabara ica ihitana abo bantu, hamwe n’amazu yabomotse.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko inzu zabomotse, ari iz’abantu bari basanzwe babamwo ziri hafi y’ibarabara.

Ivyo bitigiri vy’abahitanwe n’iryo sanganya hamwe n’abakomeretse ni ivy’imfatakibanza, kuko ibikorwa vy’ubutabazi ku baguweko n’amazu bikibandanya.


Kumenyekanisha

1
CND 28-04-2018 à 09:54

Yooo aho ni muhira ku gatumba. Uhoraho aremeshe ababuze ababo. Ariko harya hantu kuva tukiri abana bato twamye tubona hasasika inganda caane gose. Harakwiye ko abajejwe intwaro bohimiriza abahubaka bakaja kure nka ku metero 50 canke 100 uvuye kw’ibarabara. Kuko harigeze gutembagarira i camion ipakiye ama pilone y’amatara yaramijutse aratembagara gushika ku metero 20 kandi ico aciyeko yarasambura.

2
lg 26-04-2018 à 20:13

Abo bavandimwe imana ibakire kandi ihe imbaraga a babuze ababo.zogukomera no kwihangana

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha