IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi : Bane bapfuye batwawe n’uruzi,uwundi apfa yiyahuye

Ngozi : Bane bapfuye batwawe n’uruzi,uwundi apfa yiyahuye

dimanche 8 avril 2018

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko, bane ba mbere bitavye Imana ni MANARIYO Euprasie, TUYISENGE Aline, BUCUMI Godeliève na BIZIMANA Méthode, bitavye Imana batwawe n’uruzi Akanyaru.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko babiri muri abo batwawe n’uruzi,batowe ibiziga, mu gihe umwe azwi kw’izina rya GIRUKWISHAKA Apollinaire wewe bashoboye kumukura mu ruzi agikomeye.

Uwa gatanu yitavye Imana, nk’uko amakuru dukesha Pierre NKURIKIYE, avugira ubushikiranganji bw’umutekano abimenyesha, ni umutama azwi kw’izina rya SEGANZA Pierre amaze kwumva ko muri abo bitavye Imana batwawe n’uruzi harimwo umukenyezi wiwe n’abana babiri nawe yaciye yiyahura akoresheje umugozi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.