Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Ngozi : Igiporisi c’Uburundi cahagaritse abishe igisongerezi mu giporisi
Yanditswe taliki ya 8-01-2018 - isaha 08:59'

Nk’uko amakuru ari ku rubuga rwa Twitter y’igiporisi c’Uburundi abimenyesha, umukozi w’umuporisi yishwe ari mu bahagaritswe n’igiporisi igihe yari aje gutora uwo bategura kwubakana ngo amujane mu gihugu c’Urwanda aho yari yarahungiye.

Ayo makuru nyene amenyesha ko amaze guhagarikwa yaciye avuga n’abo bakoranye ubwo bwicanyi.

Gaudencienne NZIGIYIMANA yakorera ku kirindiro c’igiporisi kiri i Mparamirundi muri komine Busiga, intara ya Ngozi, yishwe acumiswe mw’ijoro ryo kuwa gatatu buca ari kuwa kane, igenekerezo rya 27 Kigarama 2017.

Amakuru yavuye ahi mu ntara ya Ngozi yamenyesha ko umukozi wiwe yoba yacumise uwo mukoresha wiwe, inyuma yaho uwo muporisi afatiye ingingo yo kugabanya umushahara yari asanzwe amuha.

Ivyiyumviro vyanyu

Kutahana bigwiza imisega nabasokuru barawuciye

12.01.2018 à 04:38
Mbonimpa Rémy

Nibahanwe Hisunzwe Amategeko

9.01.2018 à 08:34
Karimumuryango

IGIPORISI CUBURUNDI NDACEMERAPE !I YAGIRA NGWARAHUNZE ? AMARAS,ARAHUMA NABANDI BAGIFISE UMUTIMA WUBWICANYI NIBAHEBE

9.01.2018 à 06:48
ATHANASE

Iyababishoboka Nabo Barabo Kwicwa Barahemutse

8.01.2018 à 20:59
Zacharie

Andika hano NDIMUNKAMBI YOMURI TANZANIA INYARUGUSU BATUBWI RAKODUHUNGUKA UMUTEKANO ARI WOSE ABOBAFPA BICHWANIKI IVYI WACUBURUNDI BIRAGOYE DA NDABASAVYE INOMERO ZIJWI RYA AMERIC. KUGIRA DUHANE AMAKUR

8.01.2018 à 19:46
BUKURU EZEKIER

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.