Ngozi : Ikiziga c’umwana w’imyaka ine catowe ku ruzi Nyakijima

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 29 Gitugutu 2017 saa 09:22
Yasomwe : 6444
0 0

Umwana azwi kw’izina rya IRADUKUNDA Kessia w’imyaka ine yatowe ikiziga kuri uwu wa gatandatu ku musozi Mwungere, komine Ngozi, intara ya Ngozi. Ico kiziga catowe kireremba ku ruzi Nyakijima.

Abanyagihugu nibo babonye ico kiziga ubwa mbere, baca batabaza abajejwe umutekano.

Mu ntara Kirundo naho, ibisasu ntezwantoke (Grenades) bitatu vyatowe mu kinogo kiri ku musozi Gihosha, komine Kirundo, intara ya Kirundo nyene.

Ivyo bisasu bisanzwe bigikomeye vyaciye bitwarwa kubikwa ku giporisi co mu ntara ya Kirundo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha