Ngozi: Ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana UCODE ryibwe n’abantu bataramenyekana

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 14 Nyakanga 2017 saa 01:17
Yasomwe : 11097
0 0

Inyubakwa z’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana UCODE Microfinance ziri muri komine Kiremba, intara ya Ngozi zibwe n’abasuma bataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 Nyakanga 2017.

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko abo basuma binjiye muri izo nyubakwa babanje kumena idirisha, biba imashini nyabwonko 2, icuma kibika ibikozwe muri izo machine (Unité Centrale), icuma gifotora impapuro (Imprimante), hamwe n’udukoresho tubiri babikamwo ibintu (Flash disque).

Abanyezamu babiri bakorera kuri izo nyubakwa bahagaritswe ku mvo z’amatohoza, bakaba bari mu giporisi ca komine Kiremba kugira babazwe.


Kumenyekanisha

1
Jean Claude 14-09-2017 à 13:44

Igipolisi nigikore amatohoza kugira hamenyekane abo basuma

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha