Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi : Umuntu umwe wo mw’ikambi y’impunzi ya Musasa yakomerekejwe na (...)
Ngozi : Umuntu umwe wo mw’ikambi y’impunzi ya Musasa yakomerekejwe na Gerenade yatewe
mercredi 18 Ndamukiza 2018, par
Ico gisasu catewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, mu nzu y’uwitwa Ngwasha Eluku wo muri iyo kambi y’abanyekongo yaheruka kugenderwa n’umukuru w’ishirahamwe HCR ryitaho impunzi kw’isi yose.
Uwo Eluku Ngwasha yakomerekejwe n’iyo gerenade niwe yari yabwiye abamenyeshamakuru ko imfungurwa bahabwa ari nkeya, umunsi iyo kambi igenderwa n’uwutwara HCR kw’isi yose.
Abajejwe intwaro muri komine Kiremba, intara ya Ngozi bamenyesha ko amatohoza yatanguye.
Egide NDUWIMANA