IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi : Umuntu umwe wo mw’ikambi y’impunzi ya Musasa yakomerekejwe na (...)

Ngozi : Umuntu umwe wo mw’ikambi y’impunzi ya Musasa yakomerekejwe na Gerenade yatewe

mercredi 18 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Ico gisasu catewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, mu nzu y’uwitwa Ngwasha Eluku wo muri iyo kambi y’abanyekongo yaheruka kugenderwa n’umukuru w’ishirahamwe HCR ryitaho impunzi kw’isi yose.

Uwo Eluku Ngwasha yakomerekejwe n’iyo gerenade niwe yari yabwiye abamenyeshamakuru ko imfungurwa bahabwa ari nkeya, umunsi iyo kambi igenderwa n’uwutwara HCR kw’isi yose.

Abajejwe intwaro muri komine Kiremba, intara ya Ngozi bamenyesha ko amatohoza yatanguye.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.