Ngozi : Umutama w’imyaka 99 yatowe ikiziga

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 27 Myandagaro 2017 saa 03:44
Yasomwe : 9009
0 0

Ikiziga c’umutama azwi kw’izina rya MUZUNGU Benoit w’imyaka 99 catowe mw’ishamba riri ku musozi Bitagazwa, komine Kiremba, intara ya Ngozi.

Abatanguye kubona ubwa mbere ico kiziga ni abanyagihugu bo mu mihana yegereye ahari iryo shamba, bakavuga ko vyaboneka ko uwo mutama yakubiswe bikomeye imbere y’uko yitaba Imana, kuko ikiziga ciwe cari gifise ibikomere.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abantu babiri aribo bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza, abo nabo akaba ari MANIRAKIZA Evariste w’imyaka 25 hamwe na MPAWENAYO Karori w’imyaka 18. Bompi bapfungiwe mu gasho ka komine Kiremba, aho nyene mu ntara ya Ngozi.

Mu giporisi bavuga kandi ko amatati y’amatongo ariyo yoba ari inyuma y’ubwo bwicanyi bwakorewe uwo mutama w’imyaka 99.


Kumenyekanisha

1
NDUWAYERUJAMARI, 31-08-2017 à 10:41
2
Nyumusi 29-08-2017 à 08:03

birababaje

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha