IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi : Uwagandaguye umukozi wa COOPEC yaciriwe urubanza

Ngozi : Uwagandaguye umukozi wa COOPEC yaciriwe urubanza

jeudi 13 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwishe umukozi w’ishirahamwe ry’ukuziganya COOPEC yaciriwe urubanza rw’ikibiriraho, muri Sentare nkuru ya Ngozi. Zénon NDAYAVUGWA uwakoze ico caha yaciriwe umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose, hamwe n’ugutanga ihadabu ry’amafaranga y’amarundi angana n’imiriyoni 180.

Zénon NDAYAVUGWA yiyemereye icaha, amenyesha ko yagandaguye umupfasoni Evelyne NIZIGIYIMANA kugira amwihore, kuko yamwimye ingurane muri iryo shirahamwe ry’ukuziganya n’ukuguranana (COOPEC).

JPEG - 41.7 ko
Evelyne NIZIGIYIMANA, yahora akora muri COOPEC Ngozi

Nk’uko uwagirijwe ico caha yavyiyemereye wenyene, intango ya vyose, yasavye ingurane ry’amafaranga imiriyoni zitanu, arayiriha ata kibazo, aca asubira gusaba iyindi ngurane y’amafaranga imiriyoni zirenga 30. Kuri iyo yindi ngurane yari asavye, ishirahamwe COOPEC ryahisemwo kumuha imiriyoni cumi gusa, kuko arizo babona afitiye ubushobozi bw’ukuriha. Uwo Zenon NDAYAVUGWA aca atwarwa n’agashavu, atangura gutegura kugandagura uwo mukozi wa COOPEC yagirije ko ariwe yagize uruhara muri uko kumwima ingurane.

JPEG - 60.4 ko
Zenon NDAYAVUGWA, ku maguru yiwe hari imbugita yakoresheje mu gusogota umukozi wa COOPEC

Nk’uko yabisiguriye abacamanza, yiyumviriye ko niyamwica azoca asubira gusaba ingurane, kuko uwamubereye intambamyi azoba atakiri muri ako kazi.

Inyuma y’ugusomerwa ingingo ya Sentare, Zenon NDAYAVUGWA yashimye urubanza aciriwe, abwira abacamanza ko atazokwunguruza.

Evelyne NIZIGIYIMANA, yahora akora muri COOPEC Ngozi yishwe asogoswe imbugita mu mutima na Zenon NDAYAVUGWA, mw’ijoro ryo ku munsi wa kabiri.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.