IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > "Nta mabi akorwa n’abajejwe umutekano aribonekeza mu Burundi" - Petero (...)

"Nta mabi akorwa n’abajejwe umutekano aribonekeza mu Burundi" - Petero NKURIKIYE

jeudi 15 mars 2018

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano mu Burundi, amenyesha ko havugwa amabi yakozwe n’abajejwe kuyarwanya, mu gihe urwo rwego ruba rujejwe kuyarwanya arirwo rwatumye abajejwe umutekano kuyakora.

Uwo avugira ubushikiranganji bw’umutekano mu Burundi, avuga kandi ko mu gihe amakosa akozwe n’uwujejwe umutekano umwe canke babiri ku gatwe kabo, adashobora kwitwa amabi.

Pierre NKURIKIYE amenyesha ko bishika abajejwe umutekano bagakoresha inguvu, aho umutekano uba watosekaye, ariko agasigura ko muri ico gihe atari amabi aba ariko akorerwa abanyagihugu,kuko arico gikorwa c’abajejwe umutekano ariko bisunze amategeko.

JPEG - 34.7 ko
Pierre NKURIKIYE,Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre NKURIKIYE, abimenyesheje, mu gihe kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante uko umwaka utashe, hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya amabi akorwa n’abajejwe kuyakinga.


Callixte Carpe NDIKUMANA

Messages

  • nonegayemwe jewenibazako nkurikiye atabamuburundi’. ivyegeranyo bisohoka amasanamu aravyerekana ukabona abajejwe kugukingira aribo bazibere kukugiriranabi . iyaba abajejwe umutekano bakingira abanyagihugu tuba tubayeho mumahoro nabo nibobatwica.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.