IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > ’’Nta murwi w’impunzi wakozweko amatohoza vy’umwihariko’’-NKURIKIYE

’’Nta murwi w’impunzi wakozweko amatohoza vy’umwihariko’’-NKURIKIYE

vendredi 2 février 2018

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko igikorwa c’igiporisi ari ico kuraba ko koko abaje ari impunzi, ata nkozi z’ikibi zinyegejemwo, kandi ko ari igikorwa gisanzwe, bijanye no gukinga ubugizi bwa nabi.

Ku bivugwa ko hoba hari umurwi w’impunzi zirenga 30 zashizwe ukwazo vyikekwa ko boba ari abarwanyi,kugira bagirweko amatohoza, Pierre NKURIKIYE asigura ko ayo makuru atari yo, kuko kumenya umwidondoro w’umwe wese vyakozwe kuri bose.

Pierre NKURIKIYE avuga ko,abakirwa bose nakirwa nk’impunzi, ariko iyo hagize uwuboneka ko ari umugizi wa nabi afatwa nk’umugizi wa nabi, amatohoza agakorwa, agashikirizwa ubutegetsi canke inzego ziba zibijejwe.

JPEG - 50.4 ko
Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano

Impunzi zirenga 7000 nizo zakiriwe mu ntara ya Rumonge n’i Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba,ziciye mu kiyaga Tanganyika, kuva kuwa gatatu igenekerezo rya 24 Nzero 2018.

Izo mpunzi zishitse mu Burundi zavuze ko zihunze intambara ziri mu buseruko bw’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, zihuza abasirikare ba Reta n’abarwanyi b’umurwi Mayi Mayi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.