Nyabugete Beach Festival ni kuri uwu wa gatanu

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 10 Myandagaro 2017 saa 11:19
Yasomwe : 3492
0 0

"Nyabugete Beach Summer Festival", isabukuru igiye kumara iminsi ihuza ab’impano zitandukanye, tutibagiye abikorera ivyabo bazoronka akaryo keza ko kwerekana ivyo barangura." Ivyo ni ibivugwa n’abariko bategura isabukuru y’agakura igiye kumara iminsi ibera ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umurwi ariko utegura isabukuru Nyabugete Beach "Summer Festival" ugizwe na Alexis batazira Obama, André, Darlene Sara na Memba, bamenyesha ko iyo sabukuru ahanini ifise intumbero zibiri : ubwa mbere, isabukuru izorondera impano z’abaririmvyi bataramenyekana, maze bashirwe hamwe n’inzobere zimaze kwandika amateka muri ico gisata. Iruhande yo kwerekana ishusho nziza y’igihugu mu kwegeranya abantu batari bake mu munezero, abagwizatunga bazoshobora kwerekana ivyo bakora banadandaze, nk’uko bivugwa n’abariko bategura iyo sabukuru.

Ivyo vyose bizobera kuri Nyabugete Beach, aho abaririmvyi Big Fizzo, Lolilo, Black-G, Bidondo, Clémentine, Dr Claude na Jeez B bazobica bicike. Si abo gusa, nk’uko bivugwa n’abaremesheje ico kiganiro, ku rutonde hari utugenegene twinshi mu ntumbero yo kuryohera isinzi ry’abantu rizoba ryitavye iyo sabukuru.

Tubibutse ko Nyabugete Beach izotangura kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 11 Myandagaro gushika kw’igenekerezo rya 13 ukwo kwezi nyene, kuva isaha zitanu z’agatondo. Ibisabwa vyose kugira isabukuru irangwe n’umunezero n’ibikorwa vyamaze gushirwa mu ngiro, nk’uko vyemezwa n’umurwi uriko urayitegura.

Kwinjira muri iyo sabukuru ni amafaranga ibihumbi bibiri v’amarundi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha