IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nyanza-Lac : Amakaziye 130 y’ibinyobwa bwa BRARUDI yafashwe n’igiporisi

Nyanza-Lac : Amakaziye 130 y’ibinyobwa bwa BRARUDI yafashwe n’igiporisi

vendredi 27 octobre 2017

Ivyo binyobwa vyafashwe n’igiporisi c’Uburundi bigizwe n’ ibinyobwa vyo mu bwoko bwa Amstel, primus n’ifanta.

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko ivyo binyobwa vyafatiwe i Kabonga k’urubibe igihugu c’Uburundi gihana n’igihugu ca Republika Iharanira intwaro Rusangi ya Kongo, biri mu modoka yo mu bwoko bwa Probox.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Pierre NKURIKIYE avuga ko abafatanywe ivyo binyobwa bavuze ko babiranguye mu ntara ya Rumonge, akavuga kandi ko amatohoza yamaze gutangura kugira ukuri kuri ivyo binyobwa kuje ahabona.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.