Nyanza-Lac: Umukozi w’ishirahamwe IRC yatowe ikiziga yapfiriye mu nzu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 22 January 2018 saa 11:34
Yasomwe :
0 0

Ikiziga c’umukozi w’ishirahamwe IRC mu ntara ya Makamba catowe aho yahora aba ku murwa mukuru wa komine Nyanza-Lac mu gatondo ko kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Nzero 2018. Amakuru ava aho i Nyanza-Lac, amenyesha ko yitavye Imana mu gihe umukenyezi wiwe yari uaraye izamu kw’ivuriro.

Uwo yitavye Imana azwi kw’izina rya Gode, yari asanzwe akorera ishirahamwe IRC (International Rescue Catholique), akaba yari asanzwe kandi aba muri Quartier Gitunda, aho i Nyanza-Lac.

Amakuru ava aho i Nyanza-Lac amenyesha ko Gode yaryamye akomeye, ariko mu gatondo ko kur’uno wa mbere basanze yitavye Imana mu nzu, igihe umukenyezi wiwe yari yaraye ku kazi kw’ivuriro .

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano aremeza ayo makuru, ariko akavuga ko uwo yitavye Imana atari agikorera ishirahamwe IRC, ahubwo yakora nk’uwisumamwo, mu kazi ko kunyonga imodoka.

Pierre NKURIKIYE avuga ko yoba yiyahuye kubera indyane zo mu muryango, zifatiye ko boba bari bamwankiye ko agurisha ikibanza co kwubakamwo.


Kumenyekanisha

1
Belinda 22-01-2018 à 16:17

tugeze mugihe ciherezo abale anga:isigura mwene data.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha