IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Pamoja Festival : Abaronse udushimwe hamwe n’ibitangenze neza

Pamoja Festival : Abaronse udushimwe hamwe n’ibitangenze neza

lundi 31 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Hugues Safari ajejwe gutanga amakuru muri Pamoja Festival avuga ko bishimiye igikorwa caraye kibaye. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Hugues amenyesha ko integuro za Pamoja Festival zatanguye mu kwezi kwa Ruhuhuma uno mwaka.

"Uko twabiteguye niko vyagenze, abaririmvyi canke imirwi yose twatumyeko baraje, haba abava mu makungu canke mu gihugu."

Uwo ajejwe gutanga amakuru arongera akavuga ko intumbero ya Pamoja Festival bayishitseko ijana kw’ijana.

"Abantu batari bake barakiriye agakiza, ico n’ikintu gikomeye ku batunganije ico giteramo."

Iyi ncuro ya kabiri ya Pamoja yari itandukanye cane n’iya mbere, Hugues abivuga afatiye ko uno mwaka ibihugu bitatu : Zambiya, Uganda na Kenya vyitavye ico giteramo.

Ikindi catandukanije iyi ncuro ya kabiri ni ya mbere, n’uko uno mwaka hatanzwe ubushimwe mu gisata ca Pamoja Festival Awards. Ubushimwe bwatanzwe uku gukurikira :

1. Umuririmvyi yarushije abandi mu bagabo (Best Male): Masezerano J Claude
2. Umuririmvyi wa mbere w’umukobwa (Best Female) : Nyenimana Samantha
3. Umurwi w’abatamvyi (Best Dance Group): Brights Nids Ministre
4. Umu Dj (Best Dj) : Dj Yvan
5. Umurwi w’abaririmvyi ( Best Singing Group): Best Friends of God.

Naho biri uko, hariho n’ibitagenze neza. Muri ivyo, Hugues Safari amenyesha ko igiteramo kitaheze nk’uko babishaka, kuko abarongoye ikarere igiteramo cabereye bategetse kwugara hasigaye umwanya kugira Pamoja Festival ihere. Ivyo vyanatumye hari abaririmvyi bataririmba. Ikindi kitagenze neza n’uko hari imodoka zibiri zibwe ama bateri. Kuri ivyo bitagenze neza, uwo ajejwe gutanga amakuru asaba imbabazi.

Mu kurangiza, Hugues ashimira amashirahamwe yafashije muri ico giteramo, nka BRARUDI ryatanze ikinyobwa ca Coca cola hamwe na Econet Burundi yafashije mu bushimwe bwatanzwe


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.