Accueil > Amakuru > umutekano > RDC : Abarundi 34 bishwe barashwe, abandi 124 barakomereka
RDC : Abarundi 34 bishwe barashwe, abandi 124 barakomereka
samedi 16 Nyakanga 2017, par
Abasirikare b’ico gihugu bariko bagerageza gushwiragiza abarundi bariko batera amabuye abajejwe umutekano bariko barabarasa.
Muri iyo mishamirano yabaye kuri uwu wa gatanu, abo barundi bariko basaba irekurwa rya bagenzi babo bane bari bafashwe, bakaba bari bumvise ko bashobora kurungikwa mu Burundi. Amakuru ava muri ico gihugu avuga ko umusirikare umwe nawe yahasize ubuzima.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo basigura ko abajejwe umutekano barengewe n’ubwinshi bw’abariko batera amabuye, nabo bariko barasa amasasu y’ukubashwiragiza.
Abandi barundi b’aho mw’ikambi y’impunzi y’i Kamanyola bakaba bazindutse kwugariza ahakorera ishami rya ONU muri ico gihugu (MONUSCO), basaba ko bohabwa insiguro kw’igandagurwa ry’abo barundi.
Mu butumwa yacishije ku muhora wiwe wa Twitter, Alain Aime NYAMITWE, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yasavye umuco ku vyaraye bibaye aho mw’ikambi y’impunzi y’i Kamanyola.
IGIHE
Messages
17 Nyakanga 2017, 05:09, par BUSURAHENDE
Abo bayoboke ba Zebiya batari babaye Abamaritiri b’i Businde bagiye kuba bo i Kimanyola. Bari babuze iyo bahungira, ngira ntibaribwo bumve ko abahawe amahugurwa i Kiriba-Ondes ari benshi muri ico gihugu. Ubu barabapanze muri aka karere nta saganirizo rikihari. Kandi baravyiyemerera, ngira mwarumvise iterabwoba bashize kuri ONU mu myiyerekano yabaye i Bujumbura ku musi wa gatandatu.
17 Nyakanga 2017, 05:21, par Ntakirutimana John
Turahojeje imiryango yose ya hekuriwe mwico gihugu Cakongo, hamwe nabakomerekejwe nabobabisha.
umwe niwe yavuze ngusabindaro ibwa ikaguhindukirira ikakurya, iyomihimbiri yabakongo yamaze imyaka nimyaka ngaha yarahungiye ngaha muburundi tuyitunze, iradushimiye kuvyiza twabakoreye!.
Uwonyamitwe nawe ivyo yiyandikisha, rwakeneye kumenya icishe izonzirakarengane, mbegivyabaye ntiyarasazwe abizi kwagomba kwigira nkuko umengo ntacoyarabiziko!?
wewe aranezerewe kuko mubatanga amahera yo kwica abahungiye murikongo abarimwo,
niyitwengere ugutwenga kwiwe kuzohinduka amarira.
18 Nyakanga 2017, 08:13, par Kararuza
Muruhukire mu mahoro nzirakarengane,birazwi ko ivyo arivyo binezeza CNDD-FDD,CPI izobibabaza murindire
19 Nyakanga 2017, 08:22, par kigabo jean marie
ariko yemwe birababaje kabisa, ariko imana nigarukire igihugu cacu,ariko umengo igihugu ntikigira abakirongoye ehe raba.Nkuru womengo ari mwitiro ngirango azokanguka ari uko baje baje kumuta mu mvuto ( CPI),canke baje kumurasa. mu bindi bihugu iyo umunyagihugu yshwe,n;abagizi banabi,umukuru w’igihugu ahita areka ivyo yakora akaja kugarukira kuri uyo muntu canke akaja kumureba mu bitaro iyo arwariye ariko peter wewe ari mugacerere umengo ntabona ibiriko bishikira benebrundi,ntashobora no gufyokora,umenga hishwe umurundi ni imbeba ....ariko nanje ndavuga ubusa none aho i kamanyora biravugwa ko ivyabaye abifise mo uruhara, ngo imbonerakure ziwe nazo ziravugwa muri ubwo bwicanyi.none abarundi tuzohozwa nande?
20 Nyakanga 2017, 11:03, par Pierre MUSABYIMANA
nukuri ikibazo cy’Uburundi kimaze gutera indi ntambwe kandi biraturenze twebwe AbanyaRwanda. ese tubafashe iki? twe dufite Abasirikare bashoboye bayobowe n’Umutozaa ubarusha intambwe Paul KAGAME. mukwiye kutwigiraho. murebe aho twavuye nyuma ya Jenocide yakorewe abatutsi mu Rwanda murebe n’aho tugeze mu iterambere. Ubumwe n’urukundo nibyo bituranga, guhuza umugambi ni inshingano zacu.