Ruyigi: Abana batatu bakomerekejwe na gerenade

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 24 Myandagaro 2017 saa 11:30
Yasomwe : 4932
0 0

Abana batatu nibo bakomerekejwe na gerenade ku mugoroba wo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 23 Myandagaro 2017,ku mutumba Gishubi,zone Muriza,komine Butaganzwa,mu ntara ya Ruyigi.

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko abo bana ari Niyokwizera alexis w’imyaka 13 ,Hafashimana Trésor w’imyaka 7 na Nizigiyimana James w’imyaka 5.

Nkuko amakuru dukesha umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE abimenyesha,hari nk’isaha icumi n’imwe n’igice zo kuwa gatatu,igihe abo bana bari baragiye ibitungwa,baca batora iyo gerenade batangura kuyikinisha,ica iraturika,ibakomeretsa mu mutwe,ku maguru,mu gahanga no mu mbavu.

Ayo makuru nyene akamenyesha ko abo bana baciye bajanwa kw’ivuriro ritoya ry’i Muriza kugira bavurwe,inyuma y’igikorwa c’igiporisi co kuraba uko vyagenze.

Mu giporisi bamenyesha ko amatohoza yatanguye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha