IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > umutekano > RUYIGI: Umwigisha yagirizwa gushaka kwica umwana yatwaje inda (...)

RUYIGI: Umwigisha yagirizwa gushaka kwica umwana yatwaje inda yafashwe

Wednesday 20 June 2018, by vianney

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano,Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko iruhande yo gutemagura uwo mwigeme,Appolinaire NIYORUGIRA yagirizwa kandi gutwaza inda uwo mwigeme.

Ayo makuru avuga ko uyo mwigeme Beoline NIYIZOMBURANIRA ariko avurirwa ku bitaro bikuru vy’intara ya Ruyigi naho Appolinaire NIYORUGIRA hamwe na Thacien HABONIMANA yagirizwa kumufasha gutemagura uwo mwigeme bari mu minwe y’igiporisi kugira bashikirizwe ubutungane.

Ababa aho i Muriza, bavuga ko hoba hari n’ikinogo cari cimbwe na Appolinaire NIYORUGIRA mw’itongo rya se wiwe, kugira uwo mwigeme amaze kwitaba Imana ace akimuhambamwo.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • Uyo Mwigisha Yatemaguye Uyo Mwigeme Akwiye Igihano Nyaco Kugira Ngo Iyo Ngeso Yo Gushurashuza Abana Iranduranwe N’imizi .

  • Uyo mwarimu w umwicanyi akaba n ikimenabanga akwiye ibihano bikomeye hamwe atawokwubahuka gusubira gukora ayo makosa: ibihahano penal, administratif na social (umunyororo kuko yagovye iyo aragiye akongera agashaka kuyica, kumwirukana burundu mu mwuga w uburezi no kumuca mu bagabo kubera yagotse ku mwana.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.