IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge : Abantu 15 harimwo abatanzaniya bari mu minwe y’igiporisi

Rumonge : Abantu 15 harimwo abatanzaniya bari mu minwe y’igiporisi

lundi 15 janvier 2018

Umurwi wa mbere wafashwe ugizwe n’abarundi bane bose b’abagabo, bafatiwe ku Mutambara bari kumwe n’abandi bashika 50 bariko barasengera mw’ihema.

Amakuru ava mu ntara ya Rumonge, amenyesha ko,uko ari bane bagirizwa guhonyanga itegeko rya buramatari w’intara ribuza abantu gusengera mu vyumba vy’amasengesho, ariko abo bafashwe bakabihakana bakavuga ko atari idini.

Umurwi wa kabiri ugizwe n’abantu 11 harimwo abava mu gihugu ca Tanzaniya, bose bafatiwe ku Mugara, bakaba bagirizwa ko bariko bagira umugirwa wo kubandwa canke guhamura.

Amakuru ava aho ku Mugara, amenyesha ko bafashwe bafise imiti y’ikirundi, umutwe w’inka n’ibindi bikoresho.

Mu giporisi mu ntara ya Rumonge bamenyesha ko abo bafashwe bariko bakorerwa amadosiye kugira bace bashikanwa imbere y’ubutungane.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.