Rumonge : Batatu barapfuye abandi batatu barakomereka baguweko n’uruhome rw’urusengero

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 20 février 2018 saa 09:00
15135
0 0

Abantu batatu nibo bitavye Imana, abandi batatu barakomereka baguweko n’ishengero, ku mutumba Kagongo, zone Kizuka, komine n’intara ya Rumonge.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko hari nk’igihe c’isaha icumi na zibiri z’umugoroba wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2018, aho uruhome rw’urusengero rwahenukiye ku bantu.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko icatumye urwo ruhome rw’urusengero rwa penteko ruhenuka, ari imvura ivanze n’umuyaga yariko iragwa muri uwo mwanya.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko abakomeretse baciye bajanwa mu bitaro bikuru vya Rumonge.

Mw’ijoro ryo kuw’Imana, abarovyi umunani baritavye Imana, ubwato bwinshi burasambuka mu kiyaga ca Tanganyika, muri iyo komine ya Rumonge nyene. Amakuru ava aho mu rumonge amenyesha ko vyavuye ku muyaga mwinshi.


Kumenyekanisha

1
habogorimana diomedi 22-02-2018 à 22:45

jewe nashaka guhanura abasuma biba yuko bobiheba kuko ntanyungu irimwo.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha