IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge : Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe

Rumonge : Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe

lundi 26 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuntu w’umugabo atamenyekanye yatowe ikiziga muri komine Burambi mu ntara ya Rumonge. Abanyagihugu b’ahatowe ico kiziga ntibashoboye kumenya uwo muntu, n’abajejwe intwaro bakaba batamumenye.

Ico kiziga catowe kinyegejwe mu murima w’icayi, kikaba cari catanguye gusanguka, abakibonye ubwa mbere akaba ari abanyagihugu bari bagiye mu mirima gusenya inkwi.

Abajejwe intwaro babonye ico kiziga bavuga ko uwo muntu yari amaze iminsi yoba irenga itanu yishwe, bikaboneka ko yoba yiciwe mu kindi kibanza, akazanwa gutabwa aho muri komine Burambi, intara ya Rumonge.

Ingingo yafashwe akaba ari iy’uko uwo muntu yoshingurwa, kuko ata n’umwe yamumenye.

Mu giporisi bavuga ko amatohoza azobandanya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.