Rumonge : Inkoho yatowe mw’ishamba

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 4 Gitugutu 2017 saa 09:25
Yasomwe : 10251
0 0

Inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov yatowe kuri uwu wa gatatu ku musozi Gitaramuka, zone Murago, komine Burambi, intara ya Rumonge.

Iyo nkoho yari kumwe n’igikono (Chargeur) cayo kirimwo amasasu mirongo itatu yatowe mu gashamba katuriwe, abanyagihugu b’aho muri komine Burambi akaba aribo baciye bahamagara abajejwe umutekano.

Mu giporisi bamenyesha ko iyo nkoho yaciye itwarwa mu bubiko b’ibirwanisho vy’igihugu c’Uburundi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha