Rumonge : Umupfungwa yishwe arashwe n’umuporisi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 22 Gitugutu 2017 saa 10:04
Yasomwe : 12978
0 0

Umupfungwa azwi kw’izina rya NDUWAYO Moussa Ibrahim w’imyaka 21 yishwe arashwe n’umuporisi ku gasho ka komine Rumonge. Mu giporisi bavuga ko uwo musore yarashwe mu gihe yariko agerageza gutoroka.

Uwo yishwe avuka ku musozi Rutumo, zone Minago, intara ya Rumonge, akaba yahora apfunzwe yagirizwa ubusuma bukabije, nk’uko mu giporisi bavyemeza, bakavuga ko kuri uwu wa gatandatu, nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, uwo yishwe yagerageje gutoroka agasho, umuporisi yari arinze ahapfungirwa abantu aca aramurasa.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Petero NKURIKIYE yemeza ko amatohoza yatanguye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha