IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge: Umusore yishwe azira kuja kuramutsa umukobwa

Rumonge: Umusore yishwe azira kuja kuramutsa umukobwa

lundi 29 Rusama 2017

Amakuru ava mu ntara ya Rumonge, amenyesha ko Elyse NKURUNZIZA yakubiswe igiti n’umuhungu avukana n’umukobwa yari yagiye kuramutsa inyuma y’umutaga wo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 28 Rusama 2017.

Amakuru ava mu babanyi b’umukobwa yari yagiye kuramutswa na Elyse NKURUNZIZA, amenyesha ko uwo muhungu yamukubise kubera atashaka ko ubugenzi hagati ya Elyse na mushikiwe bubandanya bugashika kure.

Mu bajejwe umutekano bamenyesha ko umuhungu yakubise Elyse NKURUNZIZA yamaze guhagarikwa kugira bamugireko amatohoza, bamenye nicatumye akubita uwo muhungu, hanyuma ashikirizwe ubutungane.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.