Rumonge : Ibikoresho vy’igisirikare n’igiporisi vyafashwe mw’isakwa mw’ibohero rikuru

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 6 Gitugutu 2017 saa 08:28
Yasomwe : 19719
0 0

Ibikoresho bitandukanye harimwo n’ibikoresho vya gisirikare n’igiporisi, nivyo vyafashwe mu gikorwa co gusaka cabereye mw’ibohero rikuru ry’intara ya Rumonge kuri uno wa kane igenekerezo rya 5 Gitugutu 2017.

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko hafashwe terefone ngendanwa,inzoga itemewe n’amategeko,amacupa avamwo inzoga ata kirimwo,ibiro b’ibiri vy’uburo n’ibindi bikoresho.

Ayo makuru nyene amenyesha ko ibindi vyafashwe muri ico gikorwa co gusaka ari amagarama abiri y’urumogi,imbugita 21,ivyuma 5,ikiro c’isukari, intsinga zikoreshwa mu gushira umucanwa muri terefone.

Mu bikoresho vya gisirikare,umuvugizi w;igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko hafashwe inkofero imwe y’igisirikare,urusase rumwe,n’impuzu zitanu z’igiporisi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha