IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge: ibikoresho vya gisirikare vyafatiwe mu modoka,50 barahagarikwa

Rumonge: ibikoresho vya gisirikare vyafatiwe mu modoka,50 barahagarikwa

mercredi 15 Ntwarante 2017

Urwaruka 50 ruri mu minwe y’igipolisi kuva mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere buca ari ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 14 Ntwarante,umwaka wa 2017,inyuma yo guhagarikwa hagafatwa ibirwanisho vyari mu modoka barimwo.

Muri abo basore 50 harimwo 23 bava mu ntara ya Bururi,12 bava mu ntara ya Kayanza ,2 bava mu ntara ya Mwaro, n’uwundi umwe ava mu ntara ya Rumonge.

Amakuru ava mu ntara ya Rumonge amenyesha ko imodoka barimwo yafashwe n’igipolisi ,inyuma yp kuyisaka baca bayisngamwo inkoho 4 zo mu bwoko bwa kalashinikov, amagrenade n’amasase, hamwe n’impuzu z’igisoda n’izo igipolisi.

Ayo makuru amenyesha ko abo bahagaritswe boba bazanywe mu gisagara ca Bujumbura ku mvo z’amatohoza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.