IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rutana : Abantu bane bakomerekeye mu gitero

Rutana : Abantu bane bakomerekeye mu gitero

lundi 27 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Umutekano warahungabanye mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu i Bukemba mu ntara ya Rutana, ahakomerekeye abantu bane mu bitero bibiri bitandukanye.

Batatu ba mbere bakomerekejwe na gerenade yatewe ku rugo, ikomeretsa umugore n’abana biwe babiri. Uwateye iyo gerenade ntiyamenyekanye.

Umuntu agira kane yakomerekejwe n’urusasu rw’inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet yarashwe n’umuntu nawe nyene atamenyekanye.

Umuntu umwe yikekwa ko ariwe yateye iyo gerenade niwe yafashwe, nk’uko mu giporisi mu ntara ya Rutana bavyemeza.


IGIHE

Messages

  • Ubwo budumbi dumbi igihugu kirabumenyereye.

  • rekakuvugango nubudumbi ruzuko ntawumenyegwa kwicywa sarirahiyo iyobaherakuriwew

  • Mami, bushake bube ubudumbidumbi canke ntibubebwo icotwiyemeje nuko yabumusuma canke umwihevyi canke abapfa amatongo igihecose azoza yitwaje ikirwanisho gicira umuriro tuzomwiruka inyuma nibirenge bimushuhireko sinokuremesha ukwonikwo twipanze kandi twihaye igihe kirekire coguhasha abantunkaba, mbega ubunokubwira kwabobarashe ko mumasaha 24 twaritwamaze kubakozako iminwe wovyitabira numutimamwiza?

  • Nkurunziza ni umugabo. Za mujeri zacitse intege naho abo bashaka guhungabanya umutekano ni intagondwa kandi zizashira nizitisubiraho.

  • Izo niza Mbonerakure zahawe intwaro na leta ya DD n’ikinywamaraso gikuru Nkurunziza Peter,akari inyuma karahinda

  • Ubwo Budumbidumbi Nimubukorereko.Vyanse Muradutumako Muntara Ya Cibitoki Ntidupyina.Iwacu Ivyo Ntibibayo Muraze Tubereke Umuti.Bacumugani Mukirundi Ati:wanka Kurimira Umwana Winyoni Gwawe Akicwa Ninzara.

  • None Ivyo Bitero Vyoba Bigamije Iki?

  • hemwe burya abanyagihugu bo muri south africa ntibazi gukora akazi. ngaha mu burundi buri wese arazi gukora. eka twe mbere twe turaha ikaze abantu bose bava mumakungu, bagakora akazi kosi bashaka. ikindi kandi burya u burundi nico gihugu ca mbere gifise ubutunzi.

  • Abivye,mugiswahiri,i,gihofi,twabafashe,uko,3twabishe!!Le27/2/2017,umwe,ni,eric,umusuma,karuhariwe,yigeze,kwica,umupolisi,wo,kuri,brigade,gihofi,uwundi,ni,jafet,ava,muri,zone,muzye,duhana,urubibe,turiko,turondera,abateye,grenade,kurugo,mugacimbiri,bareremba,tuzobatoza,intoki.Intagoheka.

  • None uca uvuga ngo arasara kuko avuze ko yiyemeje kurwanya bene wanyu/ Na wewe ni waza bazogufatish’intoke, ntugire ngo barafyina!

  • Dusavye ABajejwe Umutekano N,abanyagihugu Gufatanya Gucungera Umutekano Tugasabko Amatohoza Yobandanya Kugirango Abakoze Iryobara Bafatwe Bashkirizwe Ubutungane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.