IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rutana : Amazu n’imirima vyarononekaye bihitanywe n’imvura

Rutana : Amazu n’imirima vyarononekaye bihitanywe n’imvura

lundi 12 février 2018

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko muri zone Ngoma,umutumba Ngoma inzu 13 zagurutse,imirima y’ibigori,amashu,n’ibitoke irononekara cane.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko ku mutumba Munywero wo muri iyo zone nyene inzu imwe yabomotse yose irahera, inzu zitatu zibomoka ibice, ikiraro kirononekara, amasoko atatu y’amazi nayo arononekara.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abantu 1821 aribo ivyabo vyononekaye, mu gihe 17 bo ku mutumba Musagara bobo batagira aho bakika umusaya.

Umuvugizi w’igiporisi avuga ko hari n’amashuri ane yo kw’ishuri nshingiro rya Nyakiruri hamwe n’inzu imwe vyagurutse kubera umuyaga, abantu 173 ivyabo bikaba vyarononekaye.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.