IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rutana : Umudandaza yaburiwe irengero

Rutana : Umudandaza yaburiwe irengero

mercredi 4 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Iminsi ine iraheze atawuzi irengero rya NYANDWI Evariste, umudandaza wo mu ntara ya Rutana yazimiye kuva ku munsi wa gatanu. Abamuheruka irya nyuma bavuga ko yari avuye mu bunywero buri aho nyene mu ntara ya Rutana.

Umuryango w’uwo mudandaza umenyesha ko bagerageje guhamagara kuri ngendanwa yiwe uwuyifise atitaba, uwo muryango ugasaba ko abajejwe umutekano hamwe n’igendereza bofasha kugira uwo mudandaza ashobore gutorwa.

Abegereye umudandaza NYANDWI Evariste baragerageje kurondera mu busho bwo muri iyo ntara, ariko bakaba batahabonye uwo yaburiwe irengero.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.