Ruvubu : Umwe yapfuye, uwundi arakomereka mw’isanganya ry’imodoka

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 24 janvier 2018 saa 04:57
20280
0 0

Umuntu umwe niwe yitavye Imana uwundi arakomereka mw’isanganya ry’imodoka yari itwaye igitoro co mu bwoko bwa Mazutu, igihe yatembagara hafi y’uruzi Ruvubu, rugabura intara ya Gitega n’intara ya Karusi.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE amenyesha ko iyo modoka yatembagaye nk’igihe c’isaha indwi n’igice kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Nzero 2018.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, avuga ko iryo sanganya ryavuye ku mvo y’uko uwariko atwara iyo modoka atashoboye gukurikirana neza uko yariko iragenda.

Pierre NKURIKIYE amenyesha ko umufasha w’uwariko atwara iyo modoka (convoyeur) yitavye Imana amaze gushikanwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Gitega, mu gihe uwariko atwara iyo modoka yakomeretse mu mutwe.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ umutekano amenyesha ko abakorera ishirahamwe Interpetrol bari kumwe n’ abakozi b’ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR baciye bahashika baca bavomera igitoro mu yindi modoka y’ishirahamwe Interpetrol.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha