IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Abakunzi babiri b’umurwi Flambeau de l’Est bitavye Imana (...)

Ruyigi : Abakunzi babiri b’umurwi Flambeau de l’Est bitavye Imana mw’isanganya ry’imodoka

lundi 23 octobre 2017

Amakuru ava mu bakunzi b’umurwi Flambeau de l’Est mu ntara ya Ruyigi amenyesha ko iryo sanganya ryabereye hagati y’ahitwa mu Rutimbura, umurwa mukuru w’intara ya Ruyigi, ku muhingamo wo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 22 Gitugutu 2017.

Ayo makuru nyene amenyesha ko imodoka n’ipikipiki zagonganye, abantu babiri mu bakunzi b’umurwi Flambeau de l’Est baca baritaba Imana, abandi barakomereka bikomeye.

Amakuru ava mu begereye umurwi Flambeau de l’Est amenyesha ko abakomeretse baciye bajanwa mu bitaro vy’intara ya Ruyigi aho bariko baravurirwa kuva ku mugoroba wo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 22 Gitugutu 2017.

Urukino rwahuje umurwi Flambeau de l’Est na Musongati FC rwari rwarangiye imirwi yose inganije igitsindo kimwe ku kindi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.