Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Abantu babiri bapfuye bahawe ishano
Ruyigi : Abantu babiri bapfuye bahawe ishano
lundi 4 Nyakanga 2017, par
Ubwo bugeni bwariko bubera ku rugo rw’uwitwa Mufitiye Grégoire yari yasohoye umukobwa wiwe, kuri uwu wa gatandatu nk’igihe c’isaha umunani z’umurango. Umuntu ataramenyekana yashize uburozi (ishano) mu nzoga y’impeke yari yateguriwe abashitsi.

Ubwo burozi bwahitanye abantu babiri bitavye Imana aho nyene. Abo nabo ni KWIZERA Jeanne w’imyaka 17 hamwe na CIMPAYE Violette w’imyaka 13.
Muri abo batumire banyoye kuri iyo mpeke, batanu bari kwa muganga, bakaba bariko bavurirwa kw’ivuriro ritoya ryo mu Busoro.
Mu giporisi mu ntara ya Ruyigi bavuga ko amatohoza yamaze gutangura kugira uwashize ubwo burozi muri iyo nzoga amenyekane.
Mu bijanye n’uburozi nyene, tubamenyeshe ko kuri uwu w’Imana, ku musozi Birohe, komine Gitega, intara ya Gitega nyene, hari umugabo azwi kw’izina rya Nibitanga Prosper yafashwe ariko adandaza uburozi (Poison-acide). nk’uko tubokesha umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, uwashaka kugura ubwo burozi ni NDAYIZIGA Alexis.
Uwariko adandaza ubwo burozi yarafashwe akaba ari mu minwe y’igiporisi, ariko NDAYIZIGA Alexis yagira ubugure akaba yarirutse.
Egide NDUWIMANA