Ruyigi : Abitwaje inkoho basahuye amafaranga agera ku miriyoni 11

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 5 Mukakaro 2017 saa 03:12
Yasomwe : 21555
0 0

Abantu bitwaje inkoho hamwe n’umupanga bategereye kuri uwu wa kabiri abari bavuye kw’isoko y’i Kabuyenge mu ntara ya Ruyigi, babiba amafaranga agera ku miriyoni 11 z’amarundi.

Abantu batatu bari bavuye kuri iyo soko nibo batewe n’abo bitwaje ibirwanisho nk’igihe c’isaha cumi z’umuhingamo wo kuri uwu wa kabiri. Babiri muribo bagizwe n’umugabo umwe azwi kw’izina rya BUCUMI Nicodeme hamwe n’umugore umwe azwi kw’izina rya KWIZERA Joy nibo bakomerekejwe n’amasasu yarashwe n’abo bitwaje inkoho, bakaba bariko bavurirwa ku bitaro vya komine Gisuru, mu ntara ya Ruyigi.

Mu giporisi bamenyesha ko batarashobora kumenya ivyibwe abo babiri, kuko baremvye aho bari ku musego, bakaba batarashobora kuvuga.

Uwugira gatatu yarashoboye kubaca mu ryahumye, nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, ariko amafaranga yari afise agera ku miriyoni 11 z’amarundi aribwa.

Mu giporisi bavuga ko babandanya kurondera uwo murwi w’abitwaje ibirwasho bivugwa ko bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha