Ruyigi : Amakinga 5 akekwa ko ari ayibwe yafashwe n’igiporisi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 10 novembre 2017 saa 10:22
Yasomwe : 3348
0 0

Amakinga atanu n’ibindi vyuma vyo gukora amakinga nivyo vyafashwe mu gikorwa co gusaka cakozwe n’igiporisi kiri kumwe n’abajejwe intwaro,ku mugoroba wo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 9 munyonyo 2017 ku mutumba Vumwe,komine Gisuru, mu ntara ya Ruyigi.

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko amakinga atatu yafatiwe ku mugabo azwi kw’izina rya NKURUNZIZA nk’igihe c’isaha icumi na zibiri z’umugoroba kur’uyu wa kane, aho nyene hakaba hatowe n’ivyuma vyinshi bifasha mu gukora amakinga.

Ayo makuru nyene amenyesha ko ayandi makinga abiri yafatiwe kwa Marius NTAHOMPAGAZE aba ku mutumba Vumwe nyene.

Abo bagabo uko ari babiri bose bari mu minwe y’igiporisi, ku mv z’amatohoza.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha